Abaporisi ba ONU bagiye kurungikwa mu Burundi

0

Inama y’umutekano y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU yemeje ingingo yo kurungika abaporisi mu Burundi.
Iyo ngingo y’ukurungika abaporisi ba ONU mu Burundi yashikirijwe n’Ubufaransa, ikaba ihamagarira umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki Moon gutunganya umugambi w’irungikwa ry’abo baporisi ba ONU, Ban Ki moon agasabwa gukorana na Reta y’Uburundi.