Ihiganwa Tambira Amahoro ryatanguye imigwi yose ishaka gutwara ikibanza ca mbere

0

Ihiganwa Tambira amahoro ryarahe ritanguye aho imigwi itari mike yo muri commune Muha yashoboye kwerekana ingabirano Imana yabahaye,iryo higanwa rikaba ryabereye aho bita kuri Lacoste beach mu kibenga
Dance for peace
Imigwi igera kuri 9 ikaba yarahiganwe aho hatowe imigwi igera kuri 6,iyigera kuri 3 ikaba yarasazeye amahiganwa;mu gihe ihiganwa rikabandanya aho bazogira namajonjora ku migwi yo mu yandi ma commune kugira bazoce bagira kimwe ca kabiri gishira ica nyuma,haba habe final,uwa mbere ace atahukana amafaranga angana umuriyoni w’amarundi
Tworangiza tubamenyesha ko abaririmvyi nka:Masterland,Stikk hamwe na Kolly the Magic bari bahishikiye ngo baryohere abantu mu kuririmba