Abaporisi 20 b’Uburundi birukanwe mu kazi

0

Abaporisi 20 b’Uburundi birukanwe mu kazi, ingingo y’ukubirukana burundu ikaba yafashwe n’umushikiranganji w’umutekano Alain Guillaume BUNYONI.

Benshi muri abo baporisi birukanwe bakaba bahora bakora mu gisata c’amagara y’abantu mu bushikiranganji bw’umutekano w’Uburundi.

popo

Iyo ngingo y’ukubirukana ntitomora neza ico bahowe, ariko amakuru dukura mu giporisi c’Uburundi akaba avuga ko bari basavye ko bohabwa uburenganzira bw’uguhagarika vy’agateganyo umwuga w’igiporisi (Mise en disponibilité), ivyo batemerewe n’ubuyobozi bw’igiporisi ahubwo bwaciye bufata ingingo y’ukubirukana burundu mu kazi.