Iry Tina mu myiteguro yo kuzunguruka Afrika y’ubuseruko yerekana urukurikirane rwiwe

0

Umuririmvyi w’umurundikazi Irene Laura abenshi bazi kw’izina rya Iry Tina agiye gutangura urugendo rwiwe azunguruka Afrika y’ubuseruko kugira ashobore gushira ahabona urukurikirane rw’indirimbo ziwe,urukurikirane rurimwo indirimbo ziryoshe cane,urukurikirane yise ”Kingwera Wa”
tina 1
Urwo rugendo Iry Tina akazoshobora kurutangurira mu gihugu asanzwe abamwo c’ubuganda aho azoshobora gukora ibiteramo arikumwe n’abaririmvyi bakomeye bo muri co gihugu nka Pallaso n’abandi benshi,
NYuma y’ubuganda,Iry Tina akazoja mu gihugu ca Kenya naho nyene akazoshobora kuhakorera ibiganiro vyinshi ku mboneshakure zo muri ico gihugu kugira ashobore gushira ahabona urwo rukurikirane rwiwe,Tina akazoshobora kurangiriza urugendo rwiwe mu gihugu camwibarutse,igihugu camwonkeje,igihugu c’uburundi aho azoshobora kuhakorera igiteramo gikomeye cane,igiteramo kizoba kirimwo abaririmvyi bose muzi bakomeye mu gihugu c’uburundi
tina 2
Ku batamuzi Iry Tina raba hano imwe mu ndirimbo ziwe: