Abanyagihugu baratewe ubwoba nibiduga vyintambara vya MONUSCO

0

Abanyagihugu bo mu Ntara ya Cibitoke na cane cane abo mu makomine ya Buganda ,Rugombo ubwoba ni bwinshi cane inyuma yaho abasirikare bajejwe ukubungabunga amahoro n’umutekano ba (MONUSCO) bo mugihugu ca Congo bazaniye ibiduga vyabo vy’intambara hamwe n’indege kumupaka w’uBurundi na RDC.

UN+soldiers

Nkuko abanyagihugu bamwe bo muriyo Ntara na cane cane bo muri komine ya Buganda babitumenyesheje , bo batubwiye ko ubwoba ari bwose mubanyagihugu ndetse ko bamwe bashobora gutangura guhunga kuko bamwe batanguye kugira ubwoba bwivyo biduga binini binini vy’intambara ndetse n’indege ziguma zizunguruka mu kirere ,kunkengera z’uruzi Rusizi

Kubwa buramatari w’intara ya Cibitoke ,Joseph ITERITEKA wewe asanga ngwabanyagihugu atwara batari bakwiye kugira ubwoba kuko ,ivyo MONUSCO iriko irakora ari igikorwa cabo co gucunga umutekano mu gihugu kibanyi ca Congo , Joseph ITERITEKA akaba yasavye abanyagihugu arongoye ko botekana bakaguma kumirimo yabo kuko atanzu iriko irasha.

monusco-8

Kuruhande rwa MONUSCO ,Charles Bambara umwe mundongozi za Monusco yamenyesheje ko bashaka kubuza abagwanyi babarundi bashaka gutera Uburundi bavuye muri Congo kandi ko bashaka gukingira ico cose cotuma umutekano w’abanyagihugu b’uBurundi uhungabana.