Abantu basabiriza mu gisagara ca Bujumbura bagabishijwe

0

Abantu barenga amajana abiri basabiriza hagati mu gisagara ca Bujumura bafashwe n’igiporisi c’Uburundi kibitumwe n’abarongoye ico gisagara.

Abo bafashwe bagwiriyemwo abasore bo mw’ibarabara, abana bakiri bato cane bazanwa naba nyina gusabiriza, hamwe n’abantu bakuze barimwo abagendana ubumuga bari bakwiragiye igisagara basabiriza .

Ariko hari n’abakozi bo mu ngo, bo mu bundi buzi, canke abageze mu za bukuru baguye mu mporero bafatwa mu bandi kandi batari muri uwo murwi. Abapolisi babafata bagaca baburiza imodoka z’igiporisi canke amabisi yari yarondewe n’ubutegetsi bw’igisagara ca Bujumbura. Bose bajanywe mu kibanza kimwe, aho igiporisi n’abandi bakorana ico gikorwa bariko bararaba umwidondoro w’abo kugira umwe umwe wese asubizwe iyo yaje ava.

sabi

Jacques NSHIMIRIMANA arongoye urunani rw’amashirahamwe aharanira agateka k’abana mu Burundi (FENADEB) avuga ko ico gikorwa cari gikenewe kuko ku bwiwe hari abantu bari basigaye bagize urudandazwa ingeso yo gukoresha abana bakiri bato cane mu kubazana gusega.”

Jacques NSHIMIRIMANA avuga ko bizokworoha gufasha bene abo bantu, kuko aho babasanga hazoba hazwi, n’ingorane bafise zizwi, kuko bose batazanwa mw’ibarabara n’imvo zimwe.

Ashitse mu kibanza bari begeranirijwemwo, umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy Mbonimpa yamenyesheje ko aja kubashikiriza ubutumwa bwo kubumvisha ko bategerezwa kurondera ubuzima ukundi, canke bagasubira mu ntara baje bavamwo.

Tubamenyeshe ko umukuru w’igisagara ca Bujumbura Freddy MBONIMPA yaheruka kumenyesha abantu bava mu ntara zo mu gihugu c’Uburundi bakaja mu gisagara ca Bujumbura ata kazi bahafise, ko mu minsi iri imbere bagiye gusubizwa iwabo, igisagara kigumemwo abafiye ico bakorerayo.

fred

Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura yari yavuze ko ingingo zibereye zafashwe ku bantu banyagara mu gisagara ca Bujumbura ataco bariko barakora. Nk’uko vyashikirijwe na Freddy MBONIMPA kw’igenekerezo rya 14 Ruheshi 2016, umuntu wese azoba agiye mu gisagara ca Bujumbura ategerezwa kuzoba agiye gukora akazi afiseyo.

“Barya bantu bicara, basigaye badandaza abana, mu minsi iri imbere bagiye kwirukanwa basubire iyo baje bava kuko igisagara kirafise ukuntu gitunganijwe.”