Monday, September 26, 2022
HomeNewsBurundi Music Label igiye gutuma Chris na Junior bashira ahabona indirimbo ...

Burundi Music Label igiye gutuma Chris na Junior bashira ahabona indirimbo ” Nkunda Kunwa”

Abana babiri bafise ingabirano idasanzwe cane aribo Chris na Junior bagiye gushira ahabona indirimbo yabo bise ”Nkunda Kunwa” nkuko amakuru dukesha umumenyeshamakuru w’insamirizi Buja fm ariwe Paggio Patrick Niyonkuru
chris na junior

Niyonkuru Paggio Patrick aganira n’ikinyamakuru cacu ubmnews akaba yatubwiye ko kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 3/7/2016 harya kuri Down Town ariho abo bana babiri bazoshira ahabona indirimbo yabo iryoshe cane,indirimbo yitwa ”Nkunda Kunwa” kandi ko hari n’abaririmvyi bazoba baje kubafata mu mugongo,abo nabo ni:
Akess,Masterland,Kolly,Fabelove,Masodja Yero yero,strogoff,cypro light,Dauphin Da colar hamwe na Magic Soldier,
Paggio Patrick Rero akararikira abakunzi b’umuziki ndundi ko boza kwirabira ingabirano idasanzwe cane yabo bana chris na junior,abana barusha abaririmvyi benshi cane,abana bashaka ko bobafata mu mugongo kugira bashobore kubandanya umuziki wabo na kanatsinda baracari bato cane

Tworangiza tubamenyesha ko kwinjira muri ico giteramo ari kubuntu

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...