Abantu 50 bagirizwa ko ari abarwanyi bavuye mu Rwanda bafashwe

0

Mu gatondo ko kuri uwu wa kane, abantu bagera kuri 50 bari bafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu, bamanukanwe i Bujumbura mu biro bikuru vy’igendereza, ku mvo z’amatohoza. Abo bantu bose bamanukanwe bapfunzwe ibitambara mu maso, badashobora kubona iyo bariko baraja.

Nk’uko vyabonetse ku biranga abo bantu bafashwe, 23 muribo bavuka i Bururi, 12 mu ntara ya Kayanza, babiri i Mwaro, abandi bose basigaye bakaba bataramenyekana amavuko yabo. Bafashwe mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatatu bageze aho bita mu Kizuka, muri komine n’intara ya Rumonge. Bari mu miduga itatu yo mu bwoko bwa Hiace ivuye i Bujumbura.

gre

Igiporisi mu ntara ya Rumonge kivuga ko muri iyo miduga abo bantu barimwo, hafatiwemwo inkoho zine zo mu bwoko bwa Kalashnikov, gerenade indwi, amasasu 1669 akoreshwa ku nkoho Kalashnikov, udusandugu indwi twuzuye amasasu y’inkoho Kalashnikov, ibikono (Chargeurs) 12 vyuzuye amasasu akoreshwa ku nkoho Kalashnikov, imyambaro y’igisoda 11, imisipi y’igisirikare 12, inkofero imwe y’igisoda, imyambaro ibiri y’igiporisi yo kwirinda imvura, imyambaro itatu y’igiporisi kijejwe gucungera inzego (API), imyambaro 38 y’igiporisi, ipantaro imwe y’igiporisi, imyambaro 39 y’igisirikare (Tenue de combat), ipantaro zitanu z’igisoda, imyambaro ine yambarwa mu myimenyerezo ya gisirikare (Tenue d’exercice), imyambaro itandatu y’amashesheti y’igisirikare, hamwe n’udutu 12 tw’urumogi.

iou

Ivyo birwanisho vyose vyari bitekewe nk’uko batekera ibidandazwa, abajejwe intwaro aho mu Rumonge bakemeza ko abo bantu ahanini bagizwe n’urwaruka, ari abarwanyi bari bavuye mu Rwanda, bakagirizwa ko bari bagiye gukorera mu ntara zo mu bumanuko, muri Rumonge na Bururi.

ten

Ayandi makuru ava aho mu ntara ya Rumonge avuga ko abo bafashwe muri iyo miduga ari abantu bariko biyunguruza baja mu Rumonge, batazi ikintu na kimwe ku bijanye n’ivyo birwanisho vyafashwe. Mu giporisi bavuga ko amatohoza kuri abo bantu yamaze gutangura.