Star Hotel imwe muma hoteri ahurumbiwe cane

0

Star Hotel n’imwe muma hoteri ari ngaha mu gisagara ca bujumbura ariko ahurumbigwa n’abantu benshi muri kino gihe bivanye nivyiza bihakorerwamwo
star hotel
Nyuma rero yo kubona ko iyo hoteri iriko irahurumbigwa cane,ikinyamakuru cacu ubmnews twaregereye umwe mu basanzwe bakora ngaho kuri iyo hoteri aho twamubajije igituma iyo hoteri ihurumbirwa cane muri kino gihe gusumba ayandi ma hoteri ari hano mu gisagara ca bujumbura,akaba yatwishuye ati:Star Hotel igituma ihurumbigwa cane muri ino minsi nuko tuzana ibintu abantu bakunda kandi tukabibaha ku giciro ciza cane kiborohereza bose,akabandanya avuga ko nkubu ku minsi yose ya gatandatu haba hari umu dj rurangiranwa hano mu gihugu cacu ariwe Dj israel kugira aze arabaha umuziki abantu baba bagendeye ngaho,banwa bongera bumviriza umuziki.
Ku munsin w’Imana naho haba hari karaoke idasanzwe cane,ivyo rero biri mu bituma tuguma duhurumbirwa n’abantu benshi muri kino gihe,
Akaba kandi yaranatubwiye ko ubu ngaho muri star hotel bazanye akabirya aho ufise ibihumbi cumi baguha bechou 7 na brochette canke bakaguha bajou 7 na brochette,ivyo rero akaba atahandi muzobisanga atari mgaho kuri star hotel

Tworangiza tubamenyesha ko ukeneye kumenya vyinshi kuri iyo hoteri wokwitura aho isanzwe iri,impande y’isengero rya ntahngwa