Abantu 11 bakomerekejwe na gerenade zatewe mu Kinama na Kamenge

0

Amagerenade atatu yatewe mu Kinama na Kamenge mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu yakomerekeje abantu 11, yonona n’imodoka imwe yo mu bwoko bwa bus yunguruza abantu. N’amasasu yarumvikanye ahahora hakorera insamirizi RPA.

Muri zone ya Kinama, muri karitiye ya Ruyigi, kw’ibarabara rya 14, abantu bari mu modoka barateye gerenade ku bantu bariko boza imiduga. Iyo gerenade yakorekeje abantu cumi, hakaba harimwo abagera kuri batatu bakomeretse cane.

Amakuru yatanzwe n’igiporisi c’Uburundi amenyesha kandi ko muri zone ya Kamenge naho, ku gituro c’imiduga (Bus) yunguruza abantu ibakura mu gisagara ca Bujumbura, abantu bataramenyekana bari mu muduga wo mu bwoko bwa Probox, bateye gerenade yakomerekeje umuntu umwe, yonona n’imodoka yo mu bwoko bwa bus yunguruza abantu.

vuga

Iyindi gerenade igira gatatu yatewe aho nyene mu Kamenge, mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu, muri karitiye ya Twinyoni, ariko akaba ataco yononye, nk’uko bimenyeshwa na OP1 Pierre NKURIKIYE, umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi.

Iruhande y’ahahora hakorera iradio RPA harumvikanye amasasu mw’ijoro ryo kuri uwu wa gatanu.
Umuvugizi w’igiporisi c’Uburundi amenyesha ko ari abaporisi bariko baratesha abariko bariba ivyuma vy’amatara yo kw’ibarabara, ariko mu giporisi bakavuga ko ayo masasu ataco yononye.

Facebook Notice for EU! You need to login to view and post FB Comments!