Lil Wayne yatangarije imilioni zirenga 51 avuga yuko uno mukobwa wumurundikazi azi kuririmba.

0

Audrey iteriteka asanzwe aba mu ntara ya Gitega mu Burundi , kugeza ubu ariko aramenyekana ku rwego rwo kwisi yose nyuma yaho asubiriyemwo mu majwi video yindirimbo ya Hero ya Beyonce , kuko ubu iza yamaze kugera kuri Lil Wayne umurimvyi aba muri Amerika ndetse akomeye kwisi.

lil wayne

Uno muririmvyi abicishije kurukuta rwiwe rwa Facebook rusanzwe rukurikirwa n’abantu barenga imilioni 51, Lil Wayne yashimagije impano ya Audrey Iteriteka ,aho vyamunaniye kwihanganira ingabirano yuyu bituma ashima kuvyereka isi yose .

Mu majambo make cane y’ururimi rw’icongereza Lil Wayne yagize ngo”Chills…that was incredible

christa-hasta

Uretse kuba Lil wayne yarakunze ijwi ryuno mukobwa, we yashimye kubitangariza isi yose mukwerekana ko abarundikazi bafise impano idasanzwe kuko yaciye abishira kurukuta rwiwe rwa Facebook