Ashley Diva aratera intege Audrey Iteriteka

0

Ashley Diva umuririmvyi w’umurundikazi aratera intege umwana akiri muto asanzwe yamuka mu ntara ya gitega ariwe Audrey Iteriteka,umwana aheruka kwigana indirimbo ya beyonce ,akayigana kurya nyene umuririmvyikazi beyonce wo mu gihugu ca reta zunzubumwe za amerika yayikoze ibintu vyatangaje benshi yaba hano mu burundi eka ndetse no mu makungu ibintu vyatumye n’umuririmvyi rurangiranwa wo mu gihugu ca reta zunzubumwe za amerika lil wayne atera intege uyo muririmvyi
audrey

Abicishije rero ku rubuga rwiwe rwa facebook iyari mu gihugu ca kenya,Ashley Diva akaba yanditse atera intege uyo mwana,aho yanditse avuka ati:doesn’t matter where you come from….
Or where u belong….
Talent matters….
Big up Audrey👏 and keep it up…..
‪#‎team‬ 257 we got talent👌

Tworangiza tubamenyesha ko Audrey Iteriteka abandanya yandikwako vyinshi n’ibinyamakuru mpuzamakungu