Monday, September 26, 2022
HomeNewsAbandi bayoboke batanu ba Rwasa Agathon bafatiwe mu Rumonge

Abandi bayoboke batanu ba Rwasa Agathon bafatiwe mu Rumonge

Abanywanyi batanu ba FNL bayoboka Rwasa Agathon bafashwe n’igiporisi ku musozi Mayengo, zone Kigwena, mu ntara ya Rumonge. Bose uko ari batanu bapfungiwe mu gasho k’intara ya Rumonge.

Abo bayoboke ba Rwasa Agathon bagirizwa n’abajejwe intwaro n’igendereza, ko bariko bagira inama itamenyeshwejwe ku bajejwe intwaro. Ku ruhande rw’abo bagirizwa ico caha, basigura ko barenganwa, kuko bavuga ko bari mu minsi mikuru y’umuryango.

Abafashwe baje biyongera ku bandi indwi nabo nyene bayoboka Rwasa Agathon, bafatiwe muri komine Kinyinya intara ya Ruyigi, abo nabo bakaba bagirijwe ko aribo bahamagarira abanyagihugu guhunga.

Rwasa Agathon asanzwe ari icegera ca mbere c’umukuru w’inama nshingamateka ariyamiriza iryo fatwa n’itotezwa bikorerwa abamuyoboka, akagiriza abanywanyi b’umugambwe CNDD FDD ko batubahiriza uburenganzira bw’abo badasangiye ivyiyumviro.

Must Read

Léonce Ngendakumana avuga ko Perezida Ndayishimiye yabeshe muri ONU ko...

0
Ivyo umukuru w'igihugu c'uburundi Varisito Ndayishimiye yashikirije mu nama ya bose ya ONU igira 77 aho yavuga ko agateka ka zina muntu kubahirijwe mu...