Utunege Twinshi Nitwo Twibomnekeje Mu Giteramo Carimwo Abatanzaniya

0

Ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 24 kw’ishure rya Independante niho haba igiteramo gikomeye cane,igiteramo cari kirimwo abaririmvyi bavuye mu gihugu ca Tanzaniya,abaririmvyi Harmonize,Raymond hamwe na Rich Mavoko,igiteramo citabwe n’isinzi ry’abantu
harmonize-kuri-stage
Nkuko ikinyamakuru cacu ubmnews cari cishikiye ahategerezwa kubera ico giteramo,utunege twinshi twaribonekeje muri ico giteramo aho igiteramo caje gutangura gitevye kuko igiteramo categerezwa gutangura isaha zitandatu ariko caje gutangura igihe c’isaha cumi n’imwe n’iminota cumi n’umunani niho umuririmvyi wa mbere ariwe Generencha Bidondo yatangura kuririmba,
Akandi kanenge kibonekeje nuko abajejwe umutekamo bari bake cane mu gihe abantu bari baje mu giteramo bari benshi cane kuburyo abajejwe umutekano barengewe n’isinzi ry’abantu bari baje kuburyo n’abaririmvyi b’abarundi bategerezwa kuririmba vyangoranye uko binjira ku mwango

Tworangiza tubamenyesha ko naho habonetse utunenge tutari duke abaririmvyi bavuye mu gihugu ca Tanzaniya bavyifashemwo neza mu kunezereza isinzi ry’abantu bari ngaho