Intumwa z’umuhuza Mkapa zumvirije abatavuga rumwe n’ubutegetsi

0

Umurwi ugizwe n’intumwa zitandatu zari zarungitswe i Bujumbura n’umuhuza mu biganiro bihuza Abarundi, Benjamin William Mkapa, zahejeje ibikorwa vyazo. Izo ntumwa zarabonanye n’abanyeporitike bari mu Burundi, hamwe n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike, zikaba zashiriye icegeranyo umuhuza Mkapa.

Mu rugendo bari bamazemwo indwi mu Burundi, izo ntumwa zari zije kwereka abo vyega icegeranyo c’ivyashikirijwe n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko mu nama igira iya 27 baherukamwo. Izo ntumwa zarumvirije kandi abatavuga rumwe na Reta, kugira hategurwe irindi sango ry’ibiganiro.

Tasiyano SIBOMANA, umuvugizi w’umugambwe UPRONA ishami ritemewe n’ubutegetsi bw’Uburundi, akaba ari mu bavuganye n’izo ntumwa z’umuhuza Mkapa, amenyesha ko bayaze neza n’izo ntumwa, akizera ko isango ry’ibiganiro bidakumira rigiye kumenyeshwa vuba.

tata

Tubamenyeshe ko mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize Afrika y’ubuseruko iheruka kubera muri Tanzania, abo bakuru b’ibihugu basavye umuhuza ko yofasha gutora w’ibibazo vy’Uburundi, mu kiringo kitarenze amezi atandatu. Tukabibutsa ko muri iyo nama, umukuru w’igihugu w’Uburundi, Petero NKURUNZIZA atari yagiye.