Friday, October 7, 2022
HomeNewsAbandi basirikare b’Abarundi birukanwe muri AMISOM

Abandi basirikare b’Abarundi birukanwe muri AMISOM

Ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika ryafashe ingingo y’ukwirukana abandi basirikare b’Abarundi bagera kuri batanu, bari barungitswe kugarukana amahoro mu gihugu ca Somaliya. Muri abo birukanwe harimwo intwazangabo imwe.

Muri iryo shirahamwe ariko ntibaravuga ku mugaragaro icatumye abo basirikare birukanwa. Abo batanu baje bakurikira abandi baheruka kwirukanwa bagirizwa kwigenza nabi, hamwe n’ukunywa inzoga zitemewe n’amategeko.

N’aho abo basirikare b’Abarundi birukanwe, bagenzi babo babandanya kwigenza neza mu bikorwa vy’ukugarukana amahoro barungikwamwo, yaba muri Somaliya canke muri Centrafrika. Umwe muribo, Général de Brigade Venuste NDUWAYO, ari mu basirikare bakuru bo muri AMISOM bashimiwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika. Iyo ntwazangabo akaba ariwe arongoye abasirikare b’Abarundi bari muri ico gihugu.

Uburundi nico gihugu kigira kabiri gifise abasirikare benshi muri AMISOM, igihugu ca mbere akaba ari Uganda. Abategetsi ba AMISOM hamwe n’abo mu bumwe bwa Afrika barashima ibikorwa vy’abasirikare b’Abarundi bafatwa nkaba “bitumwako” mu kugaruza ibibanza biba vyigaruriwe n’abarwanyi ba Al Shabab, hamwe n’ugukingira umutekano w’abanyagihugu bo muri ico gihugu.

Must Read

Cibitoke: Umusirikare umwe yarapfuye mu ntambara zabahuje mu kibira n’umuhari FDLR...

0
Umusirikare umwe niwe yahasize ubuzima uyundi arakomereka mu ntambara zimaze imisi mw'ishamba cimeza rya Kibira zihuza igisirikare c'uburundi hamwe n'umuhari w'abanyarwanda wa FDLR....