Yoweri Museveni: “Turakeneye Umwumvikano Ku Kibazo C’Uburundi”

0

Umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri museveni avuga ko azoshimika cane ku kibazo co kuja hamwe kugira avyurire ingiro ku kibazo c’Uburundi biciye ku muhuza kugira abo vyega bose baje mu biganiro bidakumira, harimwo no kuyaga n’abakuru b’ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko.

Ivyo yabivugiye mu gihugu c’Ubwongereza, bikaba vyatangajwe n’ikinyamakuru NewsVision.” Turakeneye guhuriza hamwe ku kibazo c’Uburundi”, niko Museveni avuga.

Yoweri Museveni: ” Turakeneye Kwumvikana Ku kibazo c’Uburundi”

“Igihe nzoba ari jewe mpagarariye Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Afrika y’Ubuseruko mu nama ikurikira, nzovyura ico kibazo kugira dufate ingingo”.

Museveni abandanya ati: “Ntidutegerezwa gufatana minenerwe akaryo kose k’ibiganiro. Turakeneye kugabanya ukwo ikibazo c’Uburundi kiri turi kumwe na bagenzanje bo mu karere”, niko Museveni avuga.

Ibi Museveni yabivuze igihe yabonana n’Umuyobozi w’Umufaransa ajejwe ivya Afrika hamwe n’Ibahari Indiyana Remi Marechau hamwe n’intumwa yiwe wo mu Karere Biyaga binini Ambasaderi Sophie Makame bari baherekejwe na Ambassaderi w’Ubuganda mu Bufaransa Mimisha Madhivani mu Bwongereza.

Mu nama yimirije izoba itariki 20 Rusama 2017, Museveni akaba ariwe azoba ahagarariye iryo Shirahamwe rya EAC muri iyo nama.