Abanya Ngozi barabujijwe kwumviriza Radio Z’Urwanda!

0

Mu makuru ashirwa ahabona n’ ikinyamakuru c’Urwanda, Igihe, aza yemeza ivyo ibinyamakuru bimwe bimwe vyo mu Burundi vyari vyatangaje ko abanyagihugu bo mu ntara ya Ngozi, iyisanzwe ihana urubibe n’igihugu c’Urwanda, na cane cane abo mu makomine ya Mwumba na Gashikanwa, babujijwe kwumviriza amaradio asamiranira mu Rwanda.

Ayo makuru yemezwa n’itangazamakuru ryo Mu rwanda, RNA, ko abanyagihugu bo muri izo komine ‘babujijwe n’inzego zo hejuru kutumviriza amaradio asamiranira mu Rwanda’.

Raba uko abanyagihugu biganiye ikinyamakuru Igihe co mu Rwanda, ayo inzego za Leta y’Uburundi zita ‘umukeba’, mu kwemeza ayo makuru. Umwigisha wo mu karere ka Buye muri Komine Mwumba, yavuze ati: “Abayobozi bo mu nzego z’intango batubwira ko amaradiyo yo mu Rwanda akwiragiza poropagande zo gutembagaza inzego z’Uburundi. Abayumviriza ku mugaragaro bafatwa nk’abansi b’igihugu kandi bagetegerezwa kwigizwa kure kugira ‘ntibanduze abandi‘”.

https://twitter.com/IGIHE/status/1065136787167817728

Uyundi munyagihugu wo mu karere ka Gashikanwa nawe yamenyesheje ati “Twari tumenyereye kwumviriza amaradiyo yo mu Rwanda tukiyumvira inkino za shampiyona yo mu Bwongereza iriko iraba, tukumviriza ibiganiro bijanye n’umuziki n’urukundo kuko amaradiyo y’i Bujumbura adakunze kwumvikana neza mu gace turimwo”.

Mbere n’abadandaza nabo barabujijwe kuvuza indirimbo zo mu Rwanda mu bubare, nk’uko abanyagihugu babimenyesheje.

Ibihugu v’Urwanda n’Uburundi bifitaniye umubano mubi cane kuva mu mwaka wa 2015. Uburundi bwagiriza Urwanda guha indaro abashatse gutembagaza ubutegetsi muri Rusama 2015 hamwe no gupanga guhungabanya umutekano w’Uburundi.