Abakuru b’Ibihugu Babiri Ba Afrika y’Ubuseruko Basavye ko Uburundi Bwokurwako Ibihano.

0

Abakuru b’ibihugu vya Tanzania na Uganda basavye ejo ku musi wa gatandatu itariki 20 rusama 2017 mu nama idasanzwe ya EAC iriko ibera I Dar Es Salaam ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ko bwokura ibihano ku Burundi ryabufatiye.

Ico gisabo casabwe n’umukuru w’igihugu ca Uganda Yoweri Museveni hamwe n’umukuru wigihugu ca Tanzania John Pombe Magufuri imbere y’Inama ya EAC, ariko ico gisabo caciye ciyamirizwa ubwo nyene n’umuserukizi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya yari muri iyo nama I Dar Es Salaam,nkuko tubikesha AFP.

Museveni yavuze ati: “Ni ingorane yacu. Ntidushaka ko Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rifatira ibihano ku gihugu kiri mu muryango umwe dusangiye tutabanje kubiyaga ».

Umukuru w’igihugu ca Tanzania yavuze ko Uburaya bworazwa ishinga n’ingorane zabwo. « Abanyaburaya barafatira ibihano igihugu c’Uburundi mu gihe nabo nyene bahanzwe n’ingorane zabo nk’akarorero Brexit( Ukwikura kw’Ubwongereza mw’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya)».

Umuserukizi w’Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya muri Tanzania no muri iyo nama iriko ibera i Dar Es Salaam, Roeland Van De Geer, yashimitse ku vyuko « ibihano vyafatiwe Uburundi bizogumaho mu gihe uko ibintu vyifashe bitohinduka mu Burundi ».

Ibizobandanya biva muri iyo nama ku vyerekeye Uburundi, ikinyamakuru canyu UBM News kizobandanya kibitohoza ku bwanyu banywanyi twikundira.