Amnesty International Irasaba Abakuru b’Ibihugu Vy’Akarere Kwitwararika Agateka Ka Zina Muntu Kabandanya Kononekara Mu Burundi.

0

Mw’ikete Amnesty international yarungikiye EAC kuru uyu musi itariki 19 rusama 2017 imbere y’inama Nkuru ya EAC ejo itariki 20 Rusama 2017, iryo Shirahamwe rirasaba Ishirahamwe ry’Ibihugu vya Africa y’Ubuseruko gushira mu kibanza ca mbere mu kwitwararaika uko agateka ka zina muntu kameze mu Burundi narirya kabandanya kononekara, hama EAC igatanga umwiyemezo mushasha wa politike n’intwaro bikenewe kugira harangizwe amagume Uburundi buriko buracamwo.

“Inkenero ku kurondera umuti kukibazo cuko agateka ka zina muntu kabandanya kononekara mu Burudi irakenewe gusumba ikindi gihe ico arico cose, kandi EAC niyo ifise uruhara cane mu gutorera umuti ico kibazo”, niko umunyabanga mukuru wa Amnesty International Salil Shetty yavuze mw’iryo kete ryandikiwe abakuru bibihugu batandatu ba EAC.

Salil Shetty, Umunyamabanga Mukuru wa Amnesty International

Abakuru b’Ibihugu b’akarere ka Afrika y’ubuseruko bategerezwa kwiyemeza neza ko Ibiganiro bivamwo ineza, harimwo no kuremera Ubutegetsi bw’Uburundi gukora amatohoza yigenga ku birego vyo guhohotera agateka ka zina muntu mu Burundi”, niko umunyamabanga wa Amnesty Internatuonal abandanya avuga.

Ako kamo ka Amnesty International kaje mu gihe havugwa amakuru y’abantu bicwa ku karengayo, bahagarikwa mu buryo butazwi hamwe nukunyuruzwa.Nkuko Raporo y’Ishirahamwe rya ONU ryitaho agateka ka zina(OHCHR) ivuga, imivyimba y’abantu bishwe 22 yaratowe mu kwezi kwa Nzero 2017 hongera hibonekeza abantu 210 banyurujwe ntibamenywa irengero ryabo muri aya mezi ane y’Umwaka wa 2017.

Ivyo biri uko mu gihe ejo muri Zone ya Musaga mu Gisagara ca Bujumbura hatewe grenade igahitana imisore itatu y’imbonerakure zo mu mugambwe uri kubutegetsi CNDD-FDD, abandi barakomereka.Ibi vyose biratuma amashirahamwe mpuzamakungu abandanya atera akamo ko kuvyurira ingiro ku kibazo c’Uburundi amazi atarernga inkombe.