UBM News ads

Abakongomani bari kugura ama parcelle mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje ivyangombwa vy’iburundi

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Abashingamateka baratewe umutima uhagaze n’irwirirana ry’abakongomani bariko baragura ama parcelle bakanayubaka mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje karangamuntu y’uburundi.bagasaba umushikiranganji Albert Nshingiro kubikwirikiranira hagufi kuko bizoteza ikibazo gikomeye.

Ikindi bavuga nuko abakongomani batorohereza abarundi mu gusuma kuko iyo muhuriye kw’isoko n’umukongomani ikintu kigurwa 1000fbu bakamucira 5000fbu ntatinya kuyatanga.ibi abashingamateka babishikirije kuri uyu wa 18 nyakanga 2024 mu nama nshingamateka.


kuri uyu wa 18 nyakanga 2024 umushikiranganji w’imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu Albert Nshingiro yari umutumire mu nama nshingamateka gusigura integuro y’ibwirizwa rijanye n’amasezerano ari hagati ya Leta y’uburundi n’igihugu ca Benin yo kwemerera kwinjira abenegihugu bafise ibitabu vy’inzira vy’icubahiro,ivyakazi n’ibisanzwe.

Abashingamateka barashikirije ikibazo kiriko kiribonekeza mu burundi cane cane mu gisagara ca Bujumbura aho hibonekeza umurindi munini w’abakongomani bariko baragura amatongo,ama parcelle bakayubaka mu gisagara ca Bujumbura kandi bakoresheje ama karata karangamuntu y’uburundi ivyo bobo babona ko bizoheza bigateza ibibazo bikomeye mu nyuma.

Bakaba basavye umushikiranganji Albert Nshingiro ajejwe imigenderanire y’uburundi n’ayandi makungu kubikwirikiranira hagufi.

Ikindi abashingamateka bashikirije nuko abakongomani babangamira abarundi mu gusuma kuko umukongomani iyo umuciriye ibihumbi bitanu (5000fbu)kukintu c’igihumbi(1000fbu)badatinya kuyatanga ibiheza bigatuma umurundi atoroherwa gusuma.

Umukuru w’inama nshingamateka Daniel Gelase Ndabirabe wewe yabasabvye kugenda kuba muri kongo nabo babahe amatongo.yagize ati:”kubera iki mweho mutaja kuba iwabo?kubera iki mugira ubwoba?Mugabo wewe uguma hano ibujumbura ubona bisukira uzohekenya imisaya.nimba muvuga ko umukongomani atogura parcelle mu gisagara ni muhige izindi mvo.”

Gélose yagarutse ku gihugu c’urwanda aho yagize ati:”sinzi ariko ko umurundi agiye mu rwanda ko yogura parcelle.ariko nabo nyene nuko baje ino ntitwobaha.”

Nayo umushikiranganji Albert Nshingira yishuye ko kuba abakongomani bagura ama parcelle mu gisagara ataco bitwaye kuko baca batanga amakori menshi.kubwiwe ikibazo kiri kubakongomani bakoresha ivyangombwa vy’uburundi kandi ari abakongomani.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments