Nicolas Ndayishimiye arongoye ibiro bijejwe rusansuma amenyesha ko rusansuma ari itegeko,abatarisasumisha bongowe imisi 5 ngo babe bahejeje kwisasumisha gushika kuwa 27 nyakanga 2024.

Inyuma yaho vyari bitegekanijwe ko Rusansuma irangira kuri uyu w’Imana twaraye turangije ingenekerezo rya 22 nyakanga 2024 ,Inama nkuru y’umurwi w’igihugu ujejwe ivya rusansuma y’abanyagihugu, y’uburaro,uburimyi n’ubworozi yaraye yongereje ikiringo co kwisasumisha gushika kuwa 27 nyakanga 2024 kugira abatarisasumisha baronke umwanya uhagije.
Nicolas Ndayishimiye arongoye ibiro bijejwe rusansuma amenyesha ko rusansuma ari itegeko ko ata murundi numwe asabwa gusigara inyuma atisasumishije.
Nayo kubakozi baheje rusasuma basabwa gusubiza ibikoresho vy’akazi bahawe na Leta.
Ikindi cibonekeza nuko intara nshasha ya Bujumbura iza mu kibanza ca nyuma ku bice 96,2% ku bamaze kwisasumisha.nayo intara ya buhumuza iza mukibanza ca mbere ku bice 99,7%.nayo imiryango yose imaze gusansumwa mu gihugu ingana n’ibice 99,7%





Recent Comments