Abahoze muri CNDD-FDD nubu bankiwe kwinjira mu gihugu

0

Abahoze mu mugambwe uri ku butegsi CNDD-FDD nubu bankiwe kwinjira mu Burundi kugira bitabe amatora ya 2020.

Amakuru ashirwa ahabona amenyesha ko abahoze muri CNDD-FDD bari bahunze igihugu nka Jeremie Ngendakumana, Pamfile Muderega nabandi baheze i Kampala mu Buganda kubera kwimwa ivya ngombwa vyo kuza mu Burundi.

Ubuserukizi bwa Ambassade y’Uburundi muri Uganda bukaba bwaranse guha ivya ngomnwa abo bahoze muri CNDD-FDD kugira binjire mu Burundi.

Amakuru amwe akamenyesha ko abo bitwa aba ‘Frondeurs’ bashobora kwemererwa kwinjira mu Burundi inyuma y’amatora ya 2020 yo muri uyu mwwaka.

Abo ba ‘Frondeurs’ bakaba bazwi nabi mu basigaye mu ‘ruhongore’ rwa CNDD-FDD maze bagafatwa nk”inyanka Burundi‘.

Jeremie Ngendakumana akaba yari yaragiraniye ibibazo na Nkurunziza aho yakwa gutwara Umugambwe maze uhabwa Nyabenda Pascal.

Benshi mu bahoze muri CNDD-FDD bahavuye bifatanya n’abandi batavuga rumwe na leta mu mwaka wa 2015 maze baja mu cahoze citwa CNARED naho ubu iriko isambuka.