Umurwi CENI wemeje ibimenyesto vy’amakarata y’amatora ningene bazobitondeka

0

Imigambwe 17, urunani rumwe n’abigenga 9 nibo bashoboye kwitaba iyo nama y’umurwi CENI ujejwe amatora m’Ubruundi. Iyo nama ikaba yariyo kwemeza ibimenyetso vy’imigambwe izoshira imbere mu kazu k’amatora. Jean Anastasie Hicuburundi, arongoye igisata c’ibikorwa mu murwi CENI akaba yagenda arerekana ikimenyetso c’umugambwe umwe umwe canke urunani canke uwigenga akavuga ko ico kimenyesto acemeye ko akizi ariciwe.

Ico gikorwa giheze haciye haza igikorwa co gutora amanumero yingene ivyo bimenyetso bizotondekwa biri mu kazu k’amatora. Umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye, akaba yasanze yatoye numero yambere murico giseke, ivyatangaje benshi bamwe bakavuga kwari ikimenyetso ko uwo mugambwe uzoba uwambere abandi bakibabaza kwari igihamana mugihe umugambwe CNL urongowe na Agathon Rwasa wasanze watwaye numero igira 23 umugambwe UPRONA nawo inimero 8.

Umurwi CENI ukavuga ko uwo azotwara dosiye ikemerwa munyuma akikura mu matora azoca ariha ivyakoreshejwe vyose cane cane amakarata y’amatora kandi n’ingwati atazoyisubizwa. Ariko uwuzokwiviramwo kare canke bagasanga ntakwijije ivyangombwa akavamwo azosubizwa ingwati yiwe. Umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Kazihise, akavuga ko urwo rutonde rubaye ntabanduka naho hazogira abakura mu matora canke batazoba bakwije vyangombwa.