Abagirizwa kudandaza abantu bahejeje gucirirwa urubanza

0

Sentare nkuru y’intara ya Makamba ihejeje gucira urubanza abantu bane bagirizwa ko bakora urudandazwa rw’abantu. Mu rubanza rw’ikibiriraho rwabaye kuri uwu wa mbere, batatu baciriwe umunyororo w’imyaka itanu, uwa kane nawe aciribwa umunyororo w’imyaka ibiri hamwe n’amezi atandatu.

Agnes BANGIRICENGE, umuvugizi wa Sentare ntahinyuzwa amenyesha ko abo bantu bose uko ari bane bari bafatiwe muri komine Mugina, intara ya Makamba, ku rubibe Uburundi buhana na Tanzaniya.

Sentare nkuru ya Makamba ivuga ko abo bafashwe bari kumwe n’abantu bari batwawe kudandazwa mu bihugu vy’abarabu.