Igitero cakozwe n’aba FNL i Uvira catumye ingingo z’umutekano zifatwa

0

Inyuma y’igitero cakozwe aho bita i Kiliba muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Congo, igitero bivugwa ko cakozwe n’abarwanyi bo mu muhari wa FNL ya General Aloys NZABAMPEMA, ingingo z’ugukomeza umutekano muri ako karere zafashwe.

Zimwe muri izo ngingo zivuga ko ata muduga mu yunguruza abantu ku bwinshi (Transport public) urekuriwe gufata ibarabara rya Uvira – Bukavu inyuma y’isaha icenda z’umuhingamo. Iyo ngingo yafashwe na Alexis Kasangala Rashidi umukuru w’akarere ka Uvira.

Ico gitero cakozwe kw’igenekerezo rya 26 Mukakaro 2018, gihitana umuntu umwe hamwe n’abagera kuri bane bakomeretse.