UBM News ads

Burundi-Qatar:Leta y’uburundi ironkeye akazi urwaruka muri Qatar.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi venuste Muyabaga na Mugenzi we Ali Bin Samikh Al Marri ajejwe abakozi n’akazi muri Qatar bahejeje gushira mu ngiro amasezerano yo kurungika abarundi baja gukora akazi muri Qatar.

Venuste Muyabaga ati:”Vuba cane urwaruka rw’abarundi rugiye kurungikwa muri Qatar gukora akazi, kandi Qatar irose abakozi beza bashoboye, bazi gukora”.

Mu gushira mu ngiro amasezerano yateweko igikumu muri ntwarante 2023 ajanye no kurungika abakozi b’abarundi baja gukora muri Qatar,biri mu vyatumye intumwa zirongowe za Qatar zirongowe n’umushikiranganji w’abakozi n’akazi wa Qatar Ali Bin Samikh Al Marri zishikira mu Burundi kuvugana na Mugenzi we Venuste Muyabaga.

Nkuko vyashikirijwe na Venuste Muyabaga ajeje ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi,yavuze ko amasezerano yo kurungika abaja gukora mu Qatar yashizwe mu ngiro uyu musi maze vuba cane urwaruka rwinshi rw’abarundi rukaba rugiye gutangura kurungikwa muri Qatar gukorerayo.

Uwo ajejejwe ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi mu Burundi,avuga ko Qatar izohungukira vyinshi kuko irose abakozi beza kandi bashoboye,bazi gukora!

Aya masezerano akaba yari yateweko igikumu muri ntwarante 2023.

Uburundi bukaba bwarasinye amasezerano nk’aya n’igihugu ca Arabiya Sawudite aho urwaruka rwinshi rw’abarundi rwajanywe muri ico gihuhu gaca amafranga ariko ikigaruka kubabaza n’ingene Leta y’uburundi itagaruka kuraba ingene abo yarungitse bafatwa aho benshi bahagirira ibibazo bikomeye cane.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments