UBM News ads

Kongo irihakanye FDLR,Bategerezwa gusubizwa mu Rwanda-Kayikwamba Wagner

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu nama nkuru y’umutekano ya UN,Umushikiranganji w’imigenderanire wa Reta Ya kongo Thérèse kayikwamba Wagner avuga ko umuhari w’inkorabara wa FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda 1994 bategerezwa gusubizwa mu rwanda iyo baturutse kuko kuva binjira muri kongo babaye inkwezi y’amarere y’ibibazo kongo irimwo uyu musi!

Kayikwamba ati:”kuva bahabwa ubuhungiro mu gihugu cacu hisunzwe resolution ya 918 ya UN ,vyadukwegeye ibibazo bikomeye haba mu gihugu ndetse n’ibindi bihugu.Bategerezwa gusubira mu rwanda kuko n’itunga ry’urwanda kandi bategerezwa kubemera!”.

Ivyo umushikiranganji wa mbere wa Leta ya kongo yaraye ashikirije mu nama nkuru y’umutekano ya UN kw’igenekerezo rya 15 Ndamukiza 2024 kuvyetekeye muhari FDLR wakoze ihonyabwoko mu Rwanda 1994, vyatangaje abenshi kuko kongo yagumye ihakana gukorana na FDLR.

Kayikwamba ntiyatinye kuvuga ko FDLR ari umuhari w’inkorabara nkuko ONU nayo ibishikiriza,ariko kubwa kayikwamba avuga ko FDLR utegerezwa gusubizwa mu Rwanda iyo Waturutse.

uwo mushikiranganji wa mbere avuga ko abo bakoze ihonyabwoko ry’abatutsi mu rwanda kuva bageze muri kongo hisunzwe amasezerano ya 918 ya UN, bakwegeye kongo ibibazo vyinshi harimwo imirwi y’abarwanyi yagumye ivuka igakorana nabo,umubano n’ibindi bihugu nawe waratosekaye kubwa FDLR.

Kayikwamba akavuga ko FDLR bategerezwa gusubizwa mu Rwanda mu gihugu cabo kuko n’ubutunzi rw’urwanda.

Leta ya Kongo yakomeje kwagirizwa n’urwanda ko ikorana n’interahamwe za FDLR ariko Kongo ikabihakana.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments