Umushikiranganji Albert Nshingiro ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu avuga ko uburundi bwasavye igihugu ca Zambiya kubutiza amatongo yo kurimamwo gutyo abarundi bakaba bagiye kuzoja kurimirayo maze bashore ivyimburwa bakuyeyo.
Akaba ari mu ntumbero yo kuvyaza umusaruro ubucuti bwiza buri hagati ya Zambiya N’uburundi.

Ku musi w’ejo haheze igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2025, inama nshingamateka iriko yiga integuro z’amabwirizwa abiri ajanye n’amasezerano yateweko igikumu hagati y’igihugu c’Uburundi n’ibihugu vya zambia na Tchad.
Mu gihe yariko Yishura ku kibazo c’abashingamateka aho bamusaba ko uburundi bwovyaza umusaruro igihugu ca zambiya gisanzwe ari kinini kandi cimbuka;
Albert shingiro yishuye ko bashoboye kugiranira ibiganiro,kuri ico kibazo c’uko abo mu bihugu vya zambia cotiza amatongo uburundi maze ko bavyemeye.
Albert Nshingiro avuga ariko ko abarundi bashobora kugenda boba bari mu makoperative mbere bakaba bafise bamwe bakwirikirana ibijanye n’indimo(agronome).
Umushikiranganji w’imigenderanire, Albert_Shingiro asigura ko, ayo masezerano aje mu gihe ico gihugu ca zambia gitunze Abarundi benshi ayo masezerano akazofasha kugira ngo Abarundi bahora barenganirizwa muri ico gihugu ca zambia kuzobakurikirana vyoroshe.





Recent Comments