UBM News ads

Ibiganiro hagati y’uburundi n’urwanda bigiye gutangura-Olivier Nduhungirehe

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umushikiranganji w’urwanda ajejewe imigenderanire Olivier Nduhungirehe aremeza ko vuba ibiganiro hagati y’uburundi n’urwanda bigiye kubandanya kandi ko hari icizere ko imigenderanire izosubira kuba myiza.

Mu kiganiro yatanze kuwa 31 gitugutu 2024 ku mboneshakure’Le journal de l’Afrique’,umushikiranganji w’urwanda ajejwe imigenderaniro Olivier Nduhungirehe yaragarutse ku mubano w’uburundi n’urwanda aho ibi bihugu 2 bisigaye birabana ay’ingwe.

Yishura kubibazo vy’umumenyeshamakuru,Nduhungirehe yamenyesheje ko vuba cane ibiganiro bigiye gutangura nkuko vyari vyapfundikiwe izanzibar muri Tanzaniya muri Mukakaro uyu mwaka kandi ko hari icizere ko imigenderanire izosubira kuba myiza.

Olivier Nduhungirehe avuga ko icuka kibi catanguye inyuma yaho uburundi butanguye kurungika abasirikare kuja gufasha igisirikare ca Kongo bakifatanya n’umuhari FDLR wakoze Genocide mu rwanda.

Kumagenekerezo ya 6-8 harabaye inama y’ibihugu bigize umuryango wa EAC yahuje abashikiranganji bajejwe imigenderanire aho Albert Nshingiro na mugenzi we w’urwanda Olivier Nduhungirehe bumvikanye ko kw’igenekerezo rya 31 Gitugutu 2024 bazohura kugira bige,banatorere umuti icuka kibi kiri hagati y’ibi bihugu vyompi.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments