Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU avuga ko hageze ko ubutegetsi buhari buhinduka hakaza ubutegetsi butuma ifaranga ry’uburundi rigarukana agaciro,ibiciro bigabanuka,igitoro kiboneka,abahunze bahunguka abarundi bakabana neza mumahoro n’umutekano.

Mu gihe uburundi bwimirije amatora mumwaka uza,mu mugambwe CODEBU babonako hageze ko ubutegetsi buhari buhinduka hakaza ubutegetsi busubiza ibintu mu buryo.
Nkuko bishikirizwa na Keffa Nibizi arongoye umugambwe CODEBU yemeza ko uburundi buri mu bihe bigoye mu bisata nka vyose vy’igihugu gutyo bikenewe haza ubutegetsi butuma ifranga ry’uburundi rigarukana agaciro,ibiciro bikagabanuka,ibitoro bikaboneka,abahunze igihugu bagatahukanwa abarundi bakabana mu mahoro n’umutekano.





Recent Comments