Umurundi umwe yaraye ashize ahabona ko agiye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu ku giti ciwe kandi yigenga. Akaba abaye uwa mbere yigenga avuze ko azokwitoza.
Uwo nawe akaba ari Nahimana Dieudonne, akaba asanzwe ari umupasitori w’idini.
Mu vyo yamenyesheje akaba ari ugutuma Uburundi bushika kw’iterambere rirama maze bukava ku rutonde rw’ibihugu bikenye cane mw’isi.
None yoba ari nde mu vy’ukuri? Nahimana Dieudonne yashize ahabona ku mugaragaro ku musi wa gatandatu itariki 18 Nzero 2020 ko agiye kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yigenga.

Nahimana Dieudeonne ni umpasitori mw’ishengero rya Christian Oasis Center Burundi akongera akaba ariwe yashinze Ishirahamewe ryo mu 1998, New Generation Burundi, kandi ubu akaba afise urwaruka rurenga 10 000 ariko akorana narwo.
Ngibi ivyo yamenyesheje:
“Inyuma yo kubona ubukene butagira izina, akarenganyo, ubukozi bw’ikibi mu gihugu cacu kuva Uburundi bwikukiye, numva mfise ingoga zo gufata ingingo ruhasha maze kugira nkize abanyagihugu [b’Uburundi]. Mu gihe turiko twegereza ikiringo c’amatora ya 2020 muri Rusama, ndabona mfise amahirwe yo guhaguruka hama ngahindura ibijanye no kwinubana mu vya politike biri mu Burundi”.
Nahimana Dieudonne yongeyeko ati: “Ndizeye ko abanyagihugu biteguye kuja mu ntwaro nshasha izokingira urwaruka rukiri ruto( abashika ku bice 66%) vy’abarumdi bose) izindi ntureka zishobora kwaduka. Nkaba namenyersheje ku mugaragaro ku wa 18 Nzero 2020 ko nzokwitoza kandi tuka tugiye gutangura n’isekeza”.
Mwe muraha amahirwe uyo mupasitori Dieuodnne Nahimana?
https://twitter.com/guykarema/status/1219023210341158912?s=20





Recent Comments