UBM News ads

Umuvunjayi agira gatatu yishwe mu gisagara ca Bujumbura

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Uwo muvunjayi akaba yari umukenyezi yitwa Nikiza Mariam batazira Nyota. Akaba yishwe kur’uyu wagatandatu igihe c’isaha zitatu zijoro ategerewe kurugo iwe ruri muri zone ya Buyenzi ibarabara rya 14 numéro ya 14.

Akaba abaye umuvunjayi agira gatatu agandaguwe mu kiringo c’amazi abiri. Abo bantu bamutegereye bakaba bari mu muduga wa Probox bashika bane. Babonye ashitse mur’iryo joro baraciye bashaka kumwaka ishakoshi yarafise nawe aranana barayigwanira. Nkuko bivugwa nababibonye baciye bamurasa urusasu rwo mumutwe uwo barikumwe nawe aracumitwa imbugita yo mu mutima ariko umwana yarahetse yararokotse.

Nikiza Mariam batazira Nyota akaba asize abana batandatu. Ibanki nkuru y’igihugu ikaba yaragabishije abo bamvunjayi kwinsunga igiciro cashinzwe niyo banki mu kuvunja amahera yo hanze kandi bakanatanga impapuro zerekana ingene bavunjije. Abo bantu rero bagandura abavunjayi bakaba bataramenyekana benshi bakaba babitiranya n’abasuma kuko bagenda batwaye ivyabo bishe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments