Ivyo yabivuze inyuma yifatwa ry’uwo mumenyeshamakuru w’i radiyo Isanganiro Blaise Pascal Kararumiye akorera mu ntara ya Karusi, akaba yafashwe kur’uyu wakane uweze itariki 16 nzero. Sylvere Ntakarutimana, umuyobozi w’i radiyo Isanganiro avuga ko yumvirije kenshi kenshi inkuru yakoze n’uwo mumenyeshamakuru asanga nta kosa ririmwo.

Umuyobozi w’i radio Isanganiro akavuga ko naho uwo mumenyeshamakuru yoba yarakoze ikosa ko guhanwa atari gufungwa nkuwoba yakoze ikosa ry’icaha gikomeye gihanwa n’igitabo mpanavyaha. Sylvere Ntakarutimana akavuga ko uwavuzwe wese mu nkuru afise uburenganzira bwo guhabwa ijambo akavuga nawe ingene vyagenze batarinz gufunga umumenyeshamakuru. Sylvere Ntarakutimana arasaba abafashe ingimgo yo gufunga uwo mumenyeshamakuru ko bokwikubita agashi bakamurekura.
Blaise Pascal Kararumiye akaba yakoze ku nkuru ijanye n’ingene amafaranga y’amakoperative Sangwe akoreshwa n’ingene ba mustanteri batokwivanga mw’itunganywa ryayo mafaranga, inkuru yatanze akaba yayikuye mu nama yagirishijwe na bulamatari w’intara ya Karusi.





Recent Comments