UBM News ads

Umwihwezo ku bakandida babiri biyumvirwa ba CNDD-FDD

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Ikinyamakuru canyu UBM News kimaze imisi kiberegaraniriza amakuru atandukanye ku bijanye n’abashobora gushirwa imbere kuzoserukira umugambwe CNDD-FDD mu matora yo muri uyu mwaka wa 2020.

Ikinyamakuru canyu casanze mu mwihwezo waco abagabo babiri aribo Evariste Ndayishimiye na Ezechiel Nibigira botsinda amatora mu gihe boshirwa imbere na CNDD-FDD.

Uwu mwihwezo UBM News yawushitseko yihweje ibintu bibiri: ugutsinda amatora hamwe no gutuma amakungu asubira kwumva yisanze mu Burundi.

Duhereye ku cambere kuco gutsinda amatora, Evariste Ndayishimiye(umunyamabanaga mukuru wa CNDD-FDD) asanzwe yegereye abanyagihugu, ivyo mbere ariko arabandanya ‘mukugera ikirenge ‘ mu ca ‘Mukuru we’ Nomero imwe w’Uburundi.

Ndayishimiye arazwi n’abanyagihugu nka bose ku buryo nawe nyene usanga afise imirima itandukanye mu gihugu c’Uburundi mu bice bitari bike nka ‘Mukuru we’.

Uti kumenywa n’abanyagihugu? Ego nivyo! Kumenywa n’abanyagihugu birahambaya cane mu Burundi kugira utsinde amatora. Uti kubera iki?

Mu Burundi hari imiliyoni zababa 11, ni kuvuga ko ibice 80 kw’ijana vy’Abarundi ntibaciye ku ntebe y’ishure ngo batore imigambi izobashikana kw’iterambere, ahubwo batora umuntu bazi kandi kumbure beretswe canke ‘babwiwe’.

Tugarutse kuco tuma amakungu agarukira Uburundi(ayasanzwe yarabutaye uretse gusa ibihugu vy’Ubushinwa n’Uburusiya vyabandanije birwanako Uburundi mu bukene bwazanywe n’intureka zo mu mwaka wa 2015), umukandida yoza abishobora ni Ezechiel Nibigira.

Uti vyotuma Uburundi bwogorora?Ego nyene. Ezechiel Nibigira arazwi mu makungu cane kandi arazi ivyo amakungu asaba ku Burundi, gutyo vyokworoha ko ayo makungu yegera cane Uburundi kubera ‘asanzwe ari hafi cane ya Nibigira’ asanzwe ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Abihweza ibintu barabona ko ari nka hamwe Ezechiel Nibigira yotorwa kurongora Uburundi, ubushomeri bwogabanuka mu gihe amashirahamwe mpuzamakungu yagiye maze akagaruka mu Burundi.

Uti kuki? Uburundi mu gihe bwotwarwa n’umusivile(naho bitaramenyekana neza ko Ezechiel Nibigira ari umusivile, ni kuvuga atagiye kurwana mw’ishamba nka bangenziwe) vyotuma ivyiyumviro vya gisirikare vyo kwigenga ko wishoboye bihagarara, na kare bavuga bati ko ‘umuntu agirwa n’uyundi’.

Mwe mubona Uburundi butwawe na Ezechiel Nibigira hogira igihinduka mu Burundi canke butwawe na Evariste Ndayishimiye vyotuma Uburundi butera imbere?

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments