Muri iyi misi hariko hibonekeza ibomborabombora mu bahoze mu mugambwe CNDD-FDD, bamwe bakagaragaza ko bipfuza gusubira mu ‘ruhongore’ abandi bagatanguza iyindi migambwe.
Inyuma yaho Leonidas Hatungimana((uwahoze avugira Petero Nkurunziza) atangurije umugambwe wiwe ariwe PPD Girijambo, ubu naho uwahoze muri CNDD-FDD akonngera agatwara uyo mugambwe. ariwe Jeremie Ngendakumana nawe yatanguje umugambwe wiwe ku musi wa gatatu wiswe “’parti pour la démocratie et la bonne Gouvernance, Girubuntu’.
Uyo Jeremie Ngendakumana yahoze ari hamwe na bagenziwe aribo nka ba Leonidas Hatungimana, Onesime Nduwimana nabandi bahoze mu runani rw’abatavuga rumwe na leta ariko ubu rwabuze inguvu kubera ugucanamwo.

Mwomenya ko ubu Onesime Nduwimana ariwe twovuga ko yahoze muri CNDD-FDD asigaye mu runani CNARED, bagenziwe nabo baka bariko bironderera uko ‘bocengetera bagasubira i Bujumbura mu mahoro’.
Abihweza ibintu n’ibindi bakabopna ko abo bahoze banama rimwe ubu bari mu buhungiro bariko bareka guhuza ku kibazo co gutaha hama bagategura amatora yo muri uyu mwaka wa 2020.
Iyo migamwe yose ivuka ikaba imenyesha ko yiteguriye kwitaba amatora y’umukuru w’ihihugu mugihe imimerere yoba ari myiza mu Burundi, naho Uburundi buvuga ko abo bose bagirizwa ikintu n’ubutungane bazoshika bishura ku vyo babazwa.





Recent Comments