UBM News ads

Rwasa Agathon abona ko Gitega itari bwagere kuba umurwa mukuru wa politike

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Rwasa Agathon abona ko intara ya Gitega itari bwagere kuba umurwa mukuru wa politike w’igihugu c’Uburundi kubera hari ivyo ico gisagara kidakwije.

Bica bigaragara ko mu gihe Rwasa Agathon yotsinda amatora ya 2020, umugambi wo kugira igisagara ca Gitega umurwa mukuru wa politike w’Uburundi wohava uhinduka ugaharikwa.

Mu kiganiro yahaye iradiyo Al Jazeera, Agathon Rwasa yavuze ko igisagara ca Gitega kikibuze inyubakwa ziwiye hamwe n’uburyo bikwiye ku buryo ico gisagara coba umurwa mukuru w’igihugu c’Ubrundi.

Mwomenya kandi ko mu mvo zimwe zatumye haba uguhindura umurwa mukuru wa politike w’Uburundi watumwe kandi n’uko igisagara ca Bujumbura arico cuzeyemwo abarwanya leta ya CNDD-FDD, nk’uko Evariste Ndayishimiye yavuze ko ‘Bujumbura ari igisagara c’amadayimoni’

Abatari bake nabo babona ko uburyo bwo gutegura ico gisagara bukiri kure nk’ukwezi na rirya Uburundi buriko bushira inguvu n’uburyo mu matora ya 2020.

Gaston Sindimwo wewe abona ugutandukanye na Rwasa Agthon kubera ko abona ko iyo habanje kuba iciyumviro co gushika ku mugambi, haca hakurikira ibikorwa bukebuke kugira umugambi wo kugira Gitega umurwa mukuru wa politike w’Uburundi ushikweko.

Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziziza yamenyesheje mu mpera za 2018 ko Gitega izoba umurwa mukurru wa politike w’Uburundi hama Bujumbura nayo ibe umurwa mukuru w’ivy’ubutunzi.

Iyi ngingo ikaba yemejwe ku ntango z’uyu mwaka wa 2019 aho vyemejwe ko ico gisagara ca Gitega kiba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi.

Igikorwa gishobora gutwara imyaka irenga itatu kugira kije mu giro kubera impamvu zavuzwe aho haruguru

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments