NEWS

Ndayishimiye: ‘Bujumbura ni igisagara c’amademo’.

on

Mu gikorane catunganjijwe n’umugambwe uri ku butegesti mu Burundi, CNDD-FDD, cabereye mu ntara ya Gitega mu ndwi turangije, umukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye yaramenyesheje impamvu Gitega igiye gusubirira Bujumbura kuba umurwa mukuru wa politike.

Ndayishimiye Evarishe yamenyesheje ati: “Iki gikorane c’amasengesho ni intango yo gutuma Gitega iba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi, bitandukanye na Bujumbura, umurwa mukuru w’Ubutunzi wuzuye amademo(démons, amadayimoni)”.

Iyo mvuga ya Evariste Ndayishimiye yatumye aba na bariya bagira ico bashikirije haba kuri za Twiter na Facebook.

Bamwe bakabaona ko ari kubera Bujumbura yama ifata iya mbere mu kwiyamiriza ingingo zose zifatwa n’Ubutegetsi bwa CNDD-FDD, aho ni nk’akarorero imyiyerekano yo kwiyamiriza gusubira kwitoza kwa Nkurunziza mu mwaka wa 2015 yatanguriye mu gisagara ca Bujumbura.

Abandi nabo bakabona ko nyabuna ari iyindi ntambwe yo gukwiragiza imvugo z’urwanko ku batavuga rumwe na leta. ONU ikaba yarigeze kwagiriza leta y’i Bujumbura gukoresha imvugo z’urwanko nka za “Kora, Bacemwo ntibabona, etc”.

Iradiyo y’Abafaransa, RFI, yanditse ivuga ko kubona leta y’Uburundi yimuye umurwa mukuru ukaduganwa i gitega ari kugirango ‘abagumutsi birindwe buhere’ ata camira.

Ico gikorane co mu ndwi turangije kikaba kivugwa ko umugambwe CNDD-FDD wegeranije intererano zishika ku miliyaridi zibiri z’amafaranga y’Amarundi.

Recommended for you

You must be logged in to post a comment Login

Leave a Reply