UBM News ads

Ishirahamwe ONU ribona ko impunzi z’abarundi zishobora kwiyongera

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mu nama yayo yo kur’uyu wa kana uheze, Inama idasanzwe k’Uburundi ya ONU iragabisha ko impari za politike zishobora kwiyongera bigatuma abenegihugu bameregwa nabi cane bivuye kukunyuruzwa kw’abanyagihugu n’ayandi mabi afatiye kw’ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu.

Jamal Benomar yamenyesheje ko Uburundi bukirimwo ingorane bivuye ku ku kiringo ca gatatu c’Umukuru w’igihugu. Jamal Benomar akavuga ko imishamirano yaciye yaduka yatumye abarundi bashika 390 000 bahunga igihugu. Ico gisata ca ONU kikabona ko izo mpunzi zigiye kwiyongera gushika ku barundi 500.000 mu mpera z’uno mwaka.

Jamal Benomar akavuga ko abarundi benshi baba mu bwoba bivuye kugutinya kunyuruzwa, gufungwa canke gukubitwa n’urwaruka ruri mu mugambwe uri kubutegetsi. Jamal Benomar akavuga ko Leta y’i Gitega yanse ibiganiro n’abo batavuga rumwe hamwe n’abarorerezi b’ishirahamwe mpuzamakungu ONU.

Ariko Albert Shingiro, aserukira Uburundi muri ONU, ivyo vyose yaravyiyamirije akavuga ko umutekano wiyongereye i Burundi kandi ubu umutekano ukwiye mu gihugu cose. Albert Shingiro akavuga ko ibirego bishika 210 vy’ababuzwe irengero ataho bifatiye. Albert Shingiro avuga kandi ko Leta y’i Gitega yemera ibiganiro kandi ishaka gukomeza imigenderanire n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mugisata cayo kijejwe agateka kazina muntu.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments