AmakuruĀ ariko akwiragira ku mbuga ngurukana bumenyi ariko amenyeshako umugambwe CNDD-FDD ushobora kumenyesha umukandida wawo mu kwezi kuza kwa mbere 2020.
Uyo mukandida wa CNDD-FDD aritezwe cane n’abantu benshi, bamwe batazi gushika uyu musi uwo ariwe, mbere naba CNDD-FDD ubwabo batazi gushika iyi saha uretse bamwe bamwe mu bazomutora.
Amakuru kandi ashirwa ahabona na Serges Nibizi amenyesha ko umukandida wa CNDD-FDD azoba ari uwegereye cane Petero Nkurunziza, kandi ko iryo koraniro kaminuza rizobera mu ntara ya Gitega
Hari nayandi makuru avugwa hirya no hino ko mbere Petero Nkurunziza ashobora no kwigarukira wenyene mu matora ya 2020.
Ayandi makuru akaza avuga ko abatari bake barondera irya ntebe ya Nkurunziza.

Bamwe bakavuga nka Nyabenda Pascal(Bubanza), Evariste Ndayishimiye(Gitega), Alain Guillaume Bunyoni(Rutana), Denise Nkurunizza(Ngozi), Reverien Ndikuriyo( makamba), nabandi benshi…
Twokwitega rero ko mu mpera z’ukwezi kwa mbere ayo makenga abantu bafise azohera.
#Burundi : Enfin, le CNDD-FDD élira le successeur du président @pnkurunziza au mois de Janvier 2020. Selon une source au sein de ce parti, un congrès pour élire le dauphin de @pnkurunziza se tiendrait dans la province @Gitega au milieu du mois de Janvier prochain. pic.twitter.com/U8vxjHbg78
— SN News (@Snnews6) December 15, 2019





Recent Comments