UBM News ads

Inyuma ya CNDD-FDD na CNL, SAHWANYA Frodebu nayo iriko yerekana inguvu

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inyuma y’imgambwe ikomenye nka CNDD-FDD na CNL, umugambwe SAHWANYA Frodebu nawo uriko werekana inguvu zawo.

Ivyo vyabareye mu ntara ya Kayanza aho uwashizwe imbere ngo azowuserukire mu matora ya 2020, Leonce Ngendakumana yari ari muri iyo ntara ya Kayanza kubwo kumenyesha imigambi yiwe.

Mu masaanamu yashizwe ahabona, haraboneka abanywanyi benshi ba Sahwanya Frodebu bariko baririmba indirimbo yo guhayagiza umugambwe wabo.

Uravye ukuntu imigambwe itatu mu Burundi iza kwisonga mu banywanyi(CNDD-FDD, CNL na FRodebu Sahwanya, woca ubona ko abanywanyi b’imigambwe mu Burundi ubu batari mu mugambwe umwe.

Naho abanywanyi ba CNDD-FDD ari beshi gato ugereranije niyindi migambwe, biraboneka ko abanywanyi benshi bahoze muri CNDD-FDD bariko bisukira mu yindi migambwe mishasha ishobora gutsinda amatora canke ikagira ibiti vyinshi mu ntwaro ya 2020.

Raba hano uko abanywanyi ba Sahwanya FRODEBu biyeretse maze barerekana inguvu zabo mu natara aya Kayanza:

 

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments