Amabarabara menshi hagati mu gisagara ca Bujumbura kur’uyu wa gatanu akaba yarimwo amahema menshi aho bari biteze Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza, aho yararamutse yugurura inyubakwa nyinshi ku mugwa mukuru w’ubutunzi w’Uburundi.

Aha yuguruye isoko yubatse kijambere ya Kinama bitiriye ” Kinama Big Market”.

Aha yuguruye amazu y’ukudandarizamwo bitiriye ” Tokyo Business Center”.
Aha yuguruye ibanki microfinance y’abapolisi bitiriye ” Microfinance Urunani”.

Aha yuguguruye iyindi banki bise ” Eden Microfinance” naho bagurisha akanyama hahoze boucherie nouvelle ubu hitwa ” Nouvelle Boucherie-charcuterie IMMO”.

Aha yuguruye inyubakwa nshasha y’ishengero Eglise du Rocher, ibiro bikuru vy’iryo shengero rirongowe n’umupfasoni wiwe.

Aha ni kuri ya soko ryo mu Kinama, Kinama Big Market.





Recent Comments