UBM News ads

“Ntitwiteguriye guheba amatora ngo duhunge”, niko Rwasa Agathon avuga.

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Umukuru w’umugabwe CNL, Agathon Rwasa, yararemesheje ikiganiro ku banyamakuru aho bamubajije ibibazo bitari bike.

Rwasa Agathon yaremeesheje ico kiganiro mu gihe uyo mugambwe wiwe CNL hamwe n’abanywanyi biwe bageramiwe cane no kutihanganirana mu vya politike.

Rwasa Agathon abajijwe nimba azosubira guhunga nk’uko vyagiye biragenda iyo amatora agenze nabi, yamenyesheje ko atazosubira guhunga ahubwo ko ubu ari uguhangana mu matora n’abo batavuga rumwe.

“Kirya gihe nahunga barondera agatwe kanje, ariko ubu amatora tuzoyitaba ata kibuza..ntitwiteguriye guheba amatora ngo duhunge”, niko Rwasa yishuye abanyamakuru.

Rwasa Agathon abajiwe ku mafaranga akoresha mu mugambwe wiwe ko yoba ayahabwa n’abazungu, abitwa abakoloni mu Burundi, yishuye ko ico ari ikinyoma kidafashe.

“Iryo ni irementanya ridafahshe…none nk’ubu abanywanyi ba CNL bose iyo bava bakagera bafahse bagaterera amafaranga y’amarundi ijana, burya ntitwofata bisi hama tukaja ahantu tugakoresha inama n’abanywanyi”, niko yishuye kuri ico kibazo.

Rwasa Agathon kandi yamenyesheje ko ata ntwaro mfata kibanza bashigikiye mu mugambwe CNL, ahubwo ko itanakenewe kubera ‘iragwa n’akajagari’, nk’uko Rwasa yabibwiye abanyamakuru.

Mwomenya ko abatari bake batanguye kumenyesha ko CNL ya Rwasa Agathon ata matora ishaka, nk’uko Jacques Bigirimana aheruka  kubimeneysha.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments