Intamba m’Urugamba z’abakobwa zaryoheye abarundi

0

 

Mu gihe Intamba z’abahungu zimaze igihe zidatsindwa n’imirwi nserukira bihugu muri Afrika, Intamba z’abakobwa zatsinze izinga ya Zanzibar ikukira igihugu ca Tanzanira. Intamba m’Urugamba z’abakobwa zikaba zatsinze kandi bikomeye Zanzibar ibitsindo bitanu k’ubusa, bakaba bariko bakinira igikombe CECAFA.

Urwo rukino rukaba rwabereye mw’izinga Zanzibar kur’uyu wa gatandatu. Abakunzi b’umupira w’amaguru m’Uburundi bakaba baryohewe cane nkuko biboneka ku mbuga ngurukana bumenye haba kuri facebook, tweeter canke kuri whatsapp. Bakamenyesha kw’abo bakobwa bashoboye gusumvya abahungu bamaze igihe batsindwa bariko baraserukira Uburundi.

Mwomenya ko kumusi wakabiri itariki 19 munyonyo uyu mwaka Intamba m’Urugamba z’abahungu zizohura na Maroc aha i Bujumbura, bakaba bariko barahiganwa kugira bazoje mu nkino zanyuma zizobera mu gihugu ca Cameroun mu mwaka wa 2021 aho hazobera inkino z’igikombe ca Afrika. Umumenyereza Olivier Niyungeko akaba ari mu yabira mu gihe aheruka gutsindirwa mu gihugu ca Centrafrika ibitsindo bibiri kuri kimwe hamwe n’igihugu ca Ouganda.  Ariko uyu mumenyereza akaba yarashikanye ubwambere Uburundi mu nkino za CAN2019 zabereye mu gihugu ca Misiri.