UBM News ads

Ibanki nkuru y’igihugu iragabisha kandi abadandaza amahera y’amanyamahanga

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Mw’itangazo uwurongoye igisata kijewe gucungera ibikorwa vy’amabanki, n’ivunjwa ry’amahera y’agaciro, Prosper Ngendanganya, yasohoye kur’uyu wagatanu, amenyesha ko abavunja amahera y’amanyamahanga bimwe bita marché noir batabifitiye ububasha ko basubiye kwibonekeza.

????????????????????????????????????

Yamenyesheje kandi ko n’abafise uruhusha rwo kuvunja amahera y’agaciro nabo nyene badakurikiza amategeko agenga kuvunja amahera avuye hanze yashinzwe n’ibanki nkuru y’igihugu itariki 17 z’ukwicenda 2019. Prosper Ngendanganya akaba yavuze ko hari abadafise ca gikoresho logiciel ngurukana bumenyi catanzwe n’ibanki nkuru y’igihugu kugira kibafashe kuvunja m’ubury bwa kijambere, akavuga ko kandi hari abadatanga igipapuro kubaje kubashorera cerekana ko bavunjije.

Kur’ivyo vyose Prosper Ngendanganya yamenyesheje ko uwuzofatwa adafise ivyo vyose bisabwa n’amategeko azohanwa n’igitabo mpanavyaha c’Uburundi. Akavuga ko ivyo ari ivyavuye mu nama abategetsi b’ibanki nkuru y’igihugu yagiranye kur’uyu wakane n’abatwara izo nzu bavunjiramwo hamwe n’abajejwe umutekano n’igendereza. Prosper Ngendanganya akavuga ko uwuzofatwa yarenze ayo mategeko azofatwa nk’umwansi w’igihugu.

Mwomenya ko abatari bake mubavunja amahera avuye hanze bamaze gufatwa bagafungwa ariko baca barekugwa, abaje kurondera amahera yagaciro nabo canke kuyavunja bakayarondera canke bakayavunja mu mpisho nk’urumogi kuko akenye mu gihugu.

Abasomye iryo tangazo ry’Ibanki nkuru y’igihugu bakaba batemereye abamenyeshamakuru kubaza ibibazo.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments