Ejo ku musi wa gatatu itariki 16 Gitugutu 2018, abashingamateka bari baramutse batora ko intara intara ya Gitega yemezwa kuba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi.
Ayo matora akaba yaremeje ko intara ya Gitega iba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi ariko abashingamateka basanze ko iyo ntara ‘ititeguye’ ku bw’iryo banga.
Ayo matora akaba yatumye Gitega yemezwa ku majwi 108 na rimwe ritashigikiye iyo ngingo.

Umukuru w’Inama Nshingamateka, Pascal Nyabenda, yamenyesheje ko hatoba ukwihuta ku bw’uwo mugambi. “Turashaka ko Gitega iba umurwa mukuru wa politike w’Uburundi, ariko biragaragara ko hari ibitarakorwa kugira ngo bikunde neza uwo mugambi ujemu ngiro“.
Umushingamateka umwe, Fabien Banciyanino( uwamenyekanye cane ku kuntu yashize ahabona ivyo leta ihakana ko ata mabi akorwa mu Burundi), yamenyesheje ikinyamakuru Iwacu ko umugambi wo kugira Gitega umurwa mukuru bidatanguye uyu musi, ariko ko ari ivya kera, kandi bikabata ku w’amazi.
Banciryanino ku bwiwe akabona ko uburyo bw’amafaranaga ariyo ntamabamyi yo gushika kuri uyo mugambi.
Banciryanino aribaza nimba leta itazohava isaba n’intererano yo kwubaka intara ya Gitega ku bw’uwo mugambi, nk’uko iriko yegeranya intererano y’amatora ya 2020; niko yabwiye Iwacu.





Recent Comments