NEWS

Fabien Banciryanino yashize ahabona ibimenyamenya vy’ivyo yavuze.

on

Umushingamateka,Fabien Banciryanino, ava mu bwoko bw’abatutsi wo mu ntara ya Bubanza yahavuye ashira ahabona ibimenyamenya vy’ivyo yavuze mu kumenyesha umushikiranganji w’ubutungane ivyerakana ko ivyo yari yavuze ari ukuri ntaseswa.

Ivyo Fabien Banciryanino abivuze inyuma yo kumenyesha ku musi wa kabiri mu nama nshingamateka y’Uburundi ko ‘ubu nyabuna abicwa batakiboneka kubera ibiziga vyabo bica bihishwa ahatabonwa’.

Fabien Banciryanino akaba yariko yemeza ko leta y’Uburundi ku bijanye n’icegeranyo c’abahinga ba ONU bakora amatohoza ko bokwemera ivyo ico cegeranyo cashise ahabona. Ico cegeranyo ca ONU kikaba cariyamirijwe na leta y’Uburundi.

Raba hano ivyo Fabien Banciryanino yashize ahabona:

Recommended for you