UBM News ads

Ishirahamwe SOSUMO rigiye gushirwa mu minwe y’abikorera ivyabo

Kibasumba Beauty Online Store UBM News ads

Inama nshingamateka y’Uburundi yemeje kuri uwu wa mbere ko integuro y’itegeko ritunganya gushasha ishirahamwe SOSUMO rihingura isukari, iryo shirahamwe rikaba rigiye kuja mu minwe y’abikorera ivyabo, nk’uko vyemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi.

Imbere y’abashingamateka, umushikiranganji w’ubudandaji Jean Marie NIYOKINDI yasiguye ko Reta yafashe ingingo y’ugushira mu minwe y’abikorera ivyabo ishirahamwe SOSUMO kuko yabonye ko umwimbu iryo shirahamwe rironka ari muke ugereranije n’wuo Abarundi bakoresha isukari bakeneye.

Iryo shirahamwe rigiye mu minwe y’abikorera ivyabo, Reta izova ku mutahe w’ibice 99 kw’ijana yari ifise muri iryo shirahamwe, ikaja ku bice 46 kw’ijana. Bamwe mu bashingamateka bagaragaje amakenga bafise ko Reta itazosubira kugira ijambo mw’itunganwa ry’iryo shirahamwe. Umushikiranganji Jean Marie NIYOKINDI yishuye abashingamateka ko Reta yemeye gufata iyo ngingo kuko ibona yananiwe itunganwa ry’ishirahamwe SOSUMO. Yagize ati : “Hari igihe wemera kwinegura. Reta yiyumviriye iti hako tuguma tutariko turabitunganya neza, twobiha abandi babitunganya, ariko tukaguma dukurikirana ibikorwa.

Tubamenyeshe ko abagiye gushira imitahe mw’ishirahamwe SOSUMO rigiye kuja mu minwe y’abikorera ivyabo ni Reta y’Uburundi, ishirahamwe BRARUDI hamwe n’ibanki ECOBANK.

Iyo nteguro y’itegeko yemejwe n’abashingamateka 100 kw’ijana n’umwe bari bitavye ico gikorwa mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe.

RELATED ARTICLES
UBM News ads
- Advertisment -

Most Popular

Recent Comments