Tanzanie: Imirwi y’abarwanyi iravugwa mu micungararo y’ikambi ya Nyarugusu.

0

Impunzi z’Abarundi n’abakongo ziba mu nkambi ya Nyarugusu mu gihugu ca Tanzania ziri mu bwoba kubera imigwi y’abarwanyi itembera mu micungararo y’ikambi ya Nyarugusu, nk’uko amakuru avugwa na Info Grands Lacs abishira ahabona.

Info Grands Lacs ikamenyeshea ko iyo mirwi y’abarwanyi yatanguye kwibonekeza kuva itariki 10 Munyonyo 2018 mu micungararao yiyo kambi ya Nyarugusu isanzwe irimwo impunzi z’Abarundi zahunze kuva mu mwaka wa 2015.

Ku bw’ico kinyakmakuru, abakenyezi b’impunzi bariko barondera inkwi hanze y’ikambi nibo babonye abagabo babiri bambaye civile maze bari bafise mu mifuko yabo bafise inkoho hama nabo bavyiganira Peace FM. Abo barwanyi bakaba barabajije abo bakenyezi igituma bafise ubwoba hama baribandairiza urugendo rwabo.

Ico kinyamakuru kikamenyesha ko abo barwanyi baciye baja mu mazone abamwo impunzi z’abakongo na cane cane mu mazone ya 4 na 6.

Hakaba haribonekeje n’imodoka yinjije abo barwanyi naho yaciye izimangana ntiyasubira kubonwa inyuma yo gushikana abo barwanyi.

Abategetsi b’ikambi bakaba baramenyeshejewe ayo makuru hama bamenyesha ko bagiye gukora amarondo kugira batuze iyo mirwi, nkuko Info Grads lacs ibishitra ahabona.

Ico abo barwanyi bagiye gukora muri iyo kambi ibamwo impunzi z’Abarundi n’Abakongo ntikiramenyekana. Nivyo kubandanya bitohozwa.