Abantu babiri nibo bakomeretse mu masasu yarashwe n’abantu bataramenyekana, mw’ijoro ryo kuri uwu w’Imana, nk’igihe c’isaha zine z’ijoro, mu gisagara ca Ngozi.
Abantu 26 baba ahumvikaniye ayo masasu bafashwe n’igiporisi ku mvo z’amatohoza. Bamwe mu banyagihugu b’aho mu gisagara ca Ngozi bavuga ko mu barashe ayo masasu biboneye abari bambaye impuzu z’igiporisi.
Mu makuru y’umutekano nyene, igiporisi gikorera mu ntara ya Rumonge kimenyesha ko cafashe kuri uwu w’Imana ibirwanisho bigizwe n’ama bombe abiri, inkoho yo mu bwoko bwa Kalashnikov, hamwe n’amasasu atari make. Ivyo birwanisho vyose vyari bitekewe mu kagunira, abanyagihugu bakaba aribo babibonye ubwa mbere aho vyari binyegeje, baca batabaza abajejwe umutekano.
Mu giporisi mu ntara ya Rumonge bavuga ko batarashobora kumenya abanyegeje ivyo birwanisho.






Recent Comments